Nk’uko bivugwa na OPP1 Pierre NKURIKIYE avugira igiporisi, muri iryo sakwa hafashwe ama terefone ngendanwa indwi, iradiyo imwe, hamwe n’amakarata simu ane, muri ayo ane hakaba harimwo imwe yo mu gihugu c’Urwanda, nk’uko vyemezwa n’umuvugizi w’igiporisi.
Mw’ibohero rikuru rya Gitega hapfungiwe bamwe mu bagirizwa gushaka gutembagaza ubutegetsi kw’igenekerezo rya 13 Rusama 2015.
Haravurwa kandi yuko urwego rw’igendereza ruriko rurakoresha zimwe muri izo numero mukwandikiranira abantu benshi nkiya Mikorokoro Evariste na Bapfutwabo Salvatore.