Ingwara ya Ebola igeze muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo 

Ingwara ya Ebola igeze muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo Yanditswe kuya 13 – May – 2017 saa 17:50

Uwo muntu yahitanwe na Ebola mu gihe ubushikiranganji bw’amagara y’abantu muri ico gihugu bwari bwamenyesheje ko ibipimo vyakozwe vyerekanye ko hari umuntu arwaye ingwara ya Ebola.

N’ibindi bipimo vyakozwe ku bantu icenda vyerekanye ko iyo ngwara yateye muri ico gihugu. Abo bantu bari bafise umucanwa mwinshi, kandi bakava amaraso ahantu hose hari intoboro ku mubiri.

Abantu uhaba, muhagendera canke mutuye mumicungararo yaho mwokwibanga mugakoresha uburyo bwo kwikingira ico kiza.