Abashika 1222 baramaze gupfa bariko baragerageza kuja I bulayi.

Nk’uko amakuru dukesha iradiyo y’abongereza BBC abimenyesha,kuwa gatandatu igenekerezo rya 13 Rusama 2017, abasirikare bacunga imbibe zo mu mazi mu gihugu c’Ubutaliyano batoye kandi ibiziga vy’abagabo 7 bitavye Imana bariko bagerageza kujabuka.Ayo makuru nyene amenyesha ko abantu barenga ibihumbi 45 bava ahanini mu Buraruko bw’umugabane wa Afrika, aribo bamaze gushika mu gihugu c’Ubutaliyano kuva umwaka wa 2017 utanguye.

Amakuru ava mw’ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho impunzi n’abimukira rivuga ko abantu 1222 aribo vyamenyekanye ko bitavye Imana bakiri mu nzira, bariko agerageza kujabuka ku mugabane wa Buraya, muri aya mezi ane ya mbere aheze y’umwaka wa 2017.