ABUMVIYE IMBURI ZISEZERANO RY’UBURUNDI BUSHASHA BWISEZERANO UMWAMI IMANA ARABANEZERERERWA. 

(Yesaya 25:1; Ezekiel 36: 15; Zaburi ya 91; Malaki 3:16-18)
Shalom ncuti z’umusaraba. 

Hari abantu beshi bavuga ngo imburi zisezerano ry’Uburundi Bushasha ngo zitera ubwoba abantu ariko ico nobabwira nuko zidatera ubwoba ahubwo ziremesha imitima yihebuye. Ariko kandi numva nonezerwa igihe zobatera ubwoba hama mugahinduka mukaja mubo Imana yishimira gushikiriza isezerano. 

Inkuru nziza y’uy’umusi nuko kuri wewe wumvise imburi hama ukumvira ukavavanura nubwicanyi, ukavavanura namacakubiri afatiye kubwoko nokuntara, ukavavanura nimigambwe, ukavavanura nukwambara ubusa, eka wewe wajugumiye ukicisha bugufi, niwe Imana iriko ivugana nawe uy’umusi. Kuko ngo umusi urashitse aho uzovuga ngo MANA YANJE kuko uzoba ubonye ikoze ibitangaza mugushitsa amasezerano nkuko yayagabiriye ihereye kera (Yesaya 25:1). Ararahiye ukugororoka kwiwe ko YASE AGASUZUGURO N’IBITUTSI biva mubanyamahanga kuko ngo aciriyeko agashinyaguro kubwoko bwose wahuye nako (Ezekiel 36:15). Ngo niyo izogukiza umutego wumutezi nikiza gihonya (91:3). Ibi bisigura ko inkota yisezerano ishitse Imana izoba buhungiro bwawe kuko atanumwe azoshobora guhunga inkota kiretse uwahungiye muri Yesu gusa (91:4). Ngo ibihumbi vyabantu bizohindigirana iruhande yawe ariko wewe ntaco uzoba, ntibizogushikako kuko iyo nkota izoba iriko ihitana abatagize Imana ubuhungiro bwabo kuko abase kuvavanura nivyo Imana yabujije bazoba bariko bararonka ingero bakwiriye nawe ubarabisha amaso (91:7-8). Icago kizoshika igihe inkota izoba yururutse ntaco kizokugira kandi ntikizokwegera ihema ryawe (91:10) ngo kuko azokuragiza abamarayika biwe. Kandi abo bamarayika nibo bazokuzigama no muburundi bushasha kugira ubandanye ugenda ukw’Imana ishaka (91:11). Imana igiye kubakiza ivyago, igiye kubashira hejuru, izobana nanyu mumarushwa, igihe kubaha icubahiro hejuru yababasuzuguye, muzohabwa amahirwe yokuramba kuko muzoba akarorero kuyandi mahanga (91:12-16). 

Yesu rero abahezagire mwese mwavavanuye nivyo Imana yababariye. Irijambo niryanyu numuryango wanyu. Muryakire kandi ribatere umunezero kuko Imana ibishimiye. Mubandanye musengera ubugingo bwanyu mwiyeza imikungugu yisi iguma ibatumukirako kuko yumva ivyomwambaza kandi igihe niki cukumenya itandukaniro ry’umugororotsi numunyakibi, be n’itandukaniro ry’ukorera Imana n’utayikorera (Malaki 3:16-18). 

Akira iyo ntasho mwizina rya Yesu Kristo.

Yari mwene so muri Kristo Yesu, Manirakiza Richard, abandikira abamenyesha ic’Imana iriko iravuga kubantu bumviye imburi bagahinduka bakavavanuri nivyo yababujije. Kubatarahinduka mubandanya musabwa guhinduka kuko umusi inkota izururuka ntabuhungiro buzobaho kandi abamarayika bajejwe gudoma ikidodo bazoba barangije akazi kabo. Amahirwe ari kuri wewe usoma irijambo ugaca witunganya kuko atawuzi umusi nisaha w’inkota kwururuka.