Igiporisi c’Uburundi cerekanye bane bagirizwa urudandazwa rw’abigeme Abo berekanywe n’igiporisi c’Uburundi ni HAKIZIMANA Venuste batazira Risiferi, NTAHOTURI Emmanuel batazira Gaposho, NIZEYIMANA Jean batazira Munyarwanda, hamwe n’umukenyezi KANYAMUNEZA Esperance.
Umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi Pierre NKURIKIYE amenyesha ko abo bafashwe bafatiwe muri zone ya Kanyosha iri muri komine Muha, mu bumanuko bw’igisagara ca Bujumbura, kubera amakuru bahawe n’abakobwa baciye mu mazu abafashwe bakoreramwo ibikorwa vyo kugurisha abana b’abigeme.
Pierre NKURIKIYE avugira igiporisi yavuze ko umwe muri abo bafashwe HAKIZIMANA Venuste batazira Risiferi asanzwe afise inzu mu gihugu ca Republika Iharanira Intwaro Rusangi ya Kongo, ishikiramwo abakobwa bagomba kujanwa mu bihugu vy’abarabu.
Umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi amenyesha ko amatohoza abandanya kugira bamenye ido n’ido kuri abo bafashwe.