Naho Leta y’uburundi ibinyegeza, haribonekeza imirwi yitwaje ibireanisho igerageza kuvuka ngo igwanye ubutegetsi.

Umushingamateka ayoboka RWASA yagirijwe gukorana n’umurwi w’abitwaje ibirwanisho Umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi, Petero NKURIKIYE amenyesha ko aba mbere muri abo batanu bafashwe kuri uwu wa mbere, abandi babiri bakaba bafashwe kuri uwu wa gatatu.

Uwo murwi wa bose hamwe uko ari batanu biyemerera ko bakora ubugizi bwa nabi kw’itegeko ry’umushingamateka Térence MANIRAMBONA, bakaba bafatanwe inkoho zibiri zo mu bwoko bwa Kalashnkov zafatiwe i Muramvya, nk’uko vyemezwa n’umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi.

Mu giporisi bavuga ko abagirizwa ico caha bapfungiwe mu gasho i Gitega, amatohoza akaba abandanya ku ruhara rw’umwe wese muribo.

Ntiturashobora kuronka umushingamateka Térence MANIRAMBONA. kugira agire ico ashikirije kuri ivyo vyavuzwe n’igiporisi.