Umukuru w’umutumba Mpishi muri commune Musigati mu ntara ya Bubanza yafashwe yagirizwa ibicanye na Coltan.

Abo bafashwe mu ndwi iheze bariko bimba ubutare mw’ishamba rya Kibira, akagirizwa kandi ko akorana n’abimba mu kinyegero ubwo butare bwo mu bwoko bwa « Coltan »Uwo mukuru w’umutumba yafashwe afise amafaranga bivungwa ko yashaka gukoresha mu kubapfuza. Abajejwe intwaro muri komine Musigati bagasaba ko uwo mugabo yociribwa urubanza rw’ikibiriraho, kuko vyari binavugwa ko abkorana n’abimba ubutare budandazwa kuri magendu