Muramvya : Abanyeshure bane bakomerekeye mu mvura Imvura y’igihuhusi ivanze n’umuyaga yaguye mu ntara ya Muramvya muri komine Kiganda na Rutegema, kuri uwu wa gatatu, yahitanye ibitari bike, n’abanyeshure barahakomerekera.
Mu giporisi co mu ntara ya Muramvya bemeza ko abanyeshure bane bo kw’ishure ry’imyuga rya ETS Kiganda bakomeretse, amabati y’amashure nayo araguruka, hamwe n’intsinga z’amatara zononekaye.
N’ibirasi bitatu vy’amashure y’intango vyagurutse, igisenge c’ibitaro Muskikamo vy’ i Rutegama caguruwe n’umuyaga, hamwe n’inkingi z’amatara zatembagaye.
N’abandi bantu bataramenyekana igitigiri barakomeretse kuri uwu wa gatatu nyene mu ntara ya Ruyigi, mu gihe abategetsi batandukanye bariko bahimbaza umusi mukuru wahariwe umukenyezi. Abo bakomeretse baguweko n’ihema yabomotse.