Musaga: abantu 3 bavurwa yuko ari imbonerakure bahitanywe na grenade abandi 2 barakomereka.

Amakuru ava aho ku Musaga amenyesha ko ico gitero cabereye muri quartier ya Gikoto cakomerekeje kandi abandi bantu babiri, kandi bose bikavugwa ko ari Imbonerakure z’umugambwe CNDD-FDD.
Mu bajejwe umutekano aho muri zone ya Musaga bamenyesha ko uwateye iyo grenade ataramenyekana ariko ko amatohoza yamaze gutangura.

Hari haheze iminsi itari mike ibitero nkivyo bitaba, ariko mu minsi iheze,ibitero vy’ama grenade vyaribonekeje muri zone ya Kamenge iri mu Buraruko bw’igisagara ca Bujumbura.

Abajejwe umutekano benshi bazindukiye ahabereye ubwo bwicanyi.