Rwanda-Burundi: Bamwe bati ni intasi yarungitswe,abandi bati yoba ari umusuma.

Umusore yaje aturuka mugihugu c’Urwanda yagerageje kwiyoberanya uko ashoboye kwose yigira umukenyezi mu mvugo no munyambaro maze muri Gihosha aja ku rugu ku rundi yinjora mu mpangu ababwira yuko aje gusaba akazi kubuyaya.

Mugabo abantu baho baragize amakenga bibaza yuko atari umusuma yoba ari maneko yoba afise imigambi mibisha yahawe n’abamutumye.

Murazi yuko ivyo mu burundi n’Urwanda bisigaye bigoye, ubu rero baramufashe ariko arabazwa.