Ikigo kigenzura itumanako mu gihugu c’u Rwanda cakatiye ishirahamwe rya telefone ngendanwa ryo muri Afrika Yepfo, MTN, amande y’imiliyoni $8.5 ku kuba itubahirije amasezerano mu gushira ubuzi bujanye n’ubuhinga (IT) inyuma y’igihugu.MTN Rwanda yabandanije ikorera ibijanye n’ubuhinga bw’itumanako, IT, mu gihugu kibanyi ca Uganda kandi yari imaze kugabishwa ko « biteye kubiri n’amasezerano y’akazi ko ingingo zikwiye zishobora gufatwa, » niko itangazo ryavuye muri « Rwanda Utilities Regulatory Authority » rivuga.
MTN yavuze ko imaze kumenyeshwa ku bijanye n’ayo mande, ko impande zose ziriko ziravugana kuri ico kibazo.
Iryo shirahamwe ryararihishijwe imiliyaridi $5.2 n’ubutegetsi bwa Nigeria mu 2015, ryanse gukatira umurongo abantu bose batari bwandikishe ama sim cards yabo.
Ayo mande yahavuye agabanywa ku miliyaridi $1.7 harinze kuba ibiganiro vyo ku rwego rwo hejuru hagati y’imigwi yose ukwo ari ibiri.