Abandi banyororo barenga 60 batorotse mu rindi bohero ry’i Kasangulu ku birometero 40 uvuye Kinshasa, muri DR Congo.

Abantu barenga 60 batorotse mu rindi bohero ry’i Kasangulu ku birometero 40 uvuye Kinshasa, haheze iminsi ibiri abanyororo barenga 3000 batorotse mw’ibohero rikuru ry’igihugu i Kinshasa muri DR Congo.Iryo bohero riri mu karere k’umurwi w’abagwanyi b’abemera Imana, Bundu Dia Kongo.

Igihe aba mbere batoroka, bagiye bajanye na kizigenza w’uwo mugwi, inyuma yaho abantu bitwaje ibigwanisho babafashije guhunga.

Ubutegetsi buriko buriyumvira kugomora igisirikare ngo kibe arico gicungera umutekano mu mabohero.