Abantu 60 bishwe mu bumanuko bwa Libiya 

Abantu 60 bishwe mu bumanuko bwa Libiya Nk’uko tubikesha i Radio y’Abongereza BBC, umuvugizi w’igisirikare ca Reta Khalifa Haftar amenyesha ko ikibuga c’indege ci Brak ali- Shati catewe n’abagwanyi bo mu mugwi wiyita Third Force, uwo murwi ukaba ariwo wagirizwa ko wakoze ico gitero.

Ako karere gaherereye mu bumanuko bwa Libiya niko gahanzwe amaso na benshi bitumwe n’ukutumvikana hagati y’abashigikiye Reta y’i Tripoli yemewe n’amakungu hamwe n’abatemera iyo Reta.

Umuvugizi w’igisirikare ca Reta Libiya, Khalifa Haftar

Muri uku kwezi kwa Rusama, umukuru w’ingabo za Libiya, Khalifa Haftar, yaragiranye umubonana n’umuyobozi mukuru wa Reta y’i Tripoli mu nzira yo gutorere umuti iyo mishamirano ituruka mu bumanuko bw’ico gihugu.

Igihugu ca Libiya cinjiye mu ndyane z’intamabara , inyuma y’aho intwaro y’umuhisi Colonel Muammar Kaddaffi isenyuwe kw’igenekerezo rya 20 Gitugutu 2011.