Uganda igiye kwugara simcard zitanditswe.

Umushikiranganji w’Ubuganda ajejwe itumanako Frank Tumwebaze yagabishije ko « sim cards » zose zitazwi n’ubutegetsi zugagwa uno munsi mw’ijoro isaha zitandatu.Uwo mushikiranganji asohoye iyo ngingo mu gihe inama nshingamateka yamaze kwemeza ko iryo sango ryokwigizwa imbere.

Yavuze ko ibiro bijejwe gusohora ijwi biza kuryugara ku ma « sim cards » atazwi ariko uburyo bwa telefone ngendanwa bwo gusohora amahera bukabandanya bukora.

Bwana Tumwebaze yavuze ko niburiburi ibice 92% vy’ama « sim cards » akora bamaze kwiyandikisha mu butegetsi.

Hari abantu benshi bari barindiriye kwandikisha ama « sim cards » yabo ku munsi wa kane mu gisagara ca Kampala, mu gihe babanza kuronka karangamuntu imbere yuko bashobora kwandikisha « sim cards » zabo.