Gikoto : Abantu 39 barimwo umunyarwanda nibo bafashwe.

Gikoto: Abantu 39 barimwo umunyarwanda nibo bafashwe.Abajejwe intwaro muri komine Musaga bavuga ko abo bafashwe ari abatari banditswe mu makaye y’ingo. Muri abo 39, abagera kuri 34 bafashwe kuri uwu wa kane, mu gihe batanu barimwo uwo munyarwanda bafashwe muri iryo joro, umusi haterwa gerenade yahitanye abantu batatu b’abanywanyi b’umugambwe CNDD FDD.

Muri ico gitero cakozwe, n’abandi bantu batatu barakomeretse.