KURI UYU WA 20 RUSAMA 2017 ,MU NAMA Y’ABAKURU B’IBIHUGU BIGIZE ISHIRAHAMWE RY’AKARERE KA EAC HARI ICITEZWE KU BIJANYE N’AKAJAGARI KARI MU BURUNDI ?
Dushimye gutomorera abarundi ko Inama yo kuri uyu wa 20 Rusama 2017 itaza gukorana ku bw’uburundi nk’uko abatari bake bavyibaza bitumwe n’amananiza barimwo yatewe na Petero Nkurunziza.
N’inama isanzwe nk’ayandi manama yama atunganywa uko umwaka utashe. N’inama isozera ikiringo c’umwaka ca John Pombe MAGUFULI yari arongoye iryo shirahamwe haraheze umwaka. Uno aza gushikiriza mugenzi we Yoweri KAGUTA MUSEVENI asanzwe arongoye igihugu ca UGANDA kuko ari we ategekanirijwe kurongora iryo shirahamwe mu kiringo c’umwaka.
Ivyigwa muri iyo nama ahanini n’ibibazo bijanye n’ubutunzi. Ntakibuza ko mu bibazo vy’umutekano mu karere baza gucishamwo ikibazo c’uburundi na Sudani y’amaja epfo.
Ku bibazo vy’uburundi biragora kugira hagire ibivugirwa mwo bifadika mu gihe Petero Nkurunziza ariwe Nkwezi y’amazimwe adahari. Nta bifadika rero abarundi bokwitega muri iyo nama uretse ukubatera intege kugira aberwa n’amatati bose bagume bahanze amaso ibiganiro.
Umuti uzova mu barundi bo nyene ubwabo .Uko imisi igenda niko abatari bake bagenda baratahura uko bagerezwa gutanga intumbero nyayo y’utwigoro twabo two kwiyugumura umwansi wabo basangiye. Haheze igihe hari abadatahukirwa neza abahanze uburundi abaribo ugasanga bajuragikirika bakajuragiza n’incuti z’uburundi.
Petero Nkurunziza yaramaze gufata inkota,wewe ari mu rugamba rwo guharanira ikiringo avuga ko ari i c’Imana. Umwe wese rero akwiye kumenya uko ahagarara niyaba ashaka amahoro ko agaruka . Ategerezwa kumenya aho uburundi bubabaye akitanga mu gutora umuti akirinda ya ngwara « NZOBIKI ? » ituma abayigwaye bagoyagoya bashima kwishikana.
Ibiganiro vy’amahoro bitegekanijwe kubandanya mu kwezi gutaha kwa Ruheshi i Arusha tukizera noneho ko ababijejwe bazoba bamaze kubiha intumbero no gufata imyanzuro nyayo kuri bwa butegetsi atakindi bukora atari ukujuragiza no gusamaza. Ico gihe bizogaragara neza ko abarundi bakunda amahoro bihagaze rugabo ko bikwiye kwitera iteka ata mwikomo.