Ijambo risozera inama riraheze ntavyinshi rwose vyavuzwe kugihugu cacu c’Uburundi.Museveni yahawe kurongora Sommet ya EAC yabwiye abatumire bari bahari na cane cane abaserukira Union européenne ibikurikira :
1. Ibibazo vy’uburundi vyega akarere kuko dusangiye umuryango EAC
2. KO bitumvikana ingene union européenne yinjirira ibihugu bigize akarere atakugisha inama abagize umuryango. KO EAC ari umuryango wubatse nk ‘Urugo ko kizira kwinjira uko wishakiye murugo atari rwawe.
3. Ko bakiriye rapport ya Mukapa umuhuza yaho ibikorwa bigeze kubijanye n’ibiganiro kandi bamuteye intege
4. Ko Abakuru bibihugu bakiriye kandi bashimye rapport yukugene amahoro n’umutekano vyifashe mu Burundi n’ingene ibiganiro vyabenegihugu hagati mugihugu vyagenze nkuko vyashikirijwe na Nyakubahwa Icegera ca 1 c’Umukuru w’Igihugu c’Uburundi Gaston Sindimwo
5. Ko bitumvikana ingene hosinywa y’amasezerano hagati ya EAC na U. E mugihe igihugu c’Uburundi cafatiwe ibihano niyo U. E. Bati ibishikiye igihugu kimwe mubigize uwo muryango ngo biba bishikiye umuryango wose. Ngo nimpaka hazobanze kuba ibiganiro hagati ya EAC na UE