Abarundi benshi barisamaza bakigira ba sindabibona abiswe nabo yuko babona ibiriko biraba bakigira ba kabizi. Uravye ivyandikwa naba na bariya bamwe bose bavuga ibintu uko bashaka yuko biba canke bagakoresha imvo inyegege ukwosha canke ihamagarira aba kwanka bariya.
Haguma haboneka yuko abantu babona ibintu maze bakabivuga uko biri baguma baba imparugwa. Reka tubibwirire ukuri.
Mugihugu bamaze gufata ingingo yo gusaka abenegihugu mugicugu ayo ni amategeko yo muntambara baba batanguye gukoresha. Hageze aho baza kwugurura imashini bita inyabwonko bakaraba ibirimwo aho baba barenze akarimbi. Aho nta demokarasi , nka kwubahiriza agateka kabantu biba bikivuzwe. Mugabo ivyo ntivyashize aho gusa. Ubwo butegetsi burafise inkuru ziva irya nino yuko hariho abantu bategura intambara eka n’imirwi itari mike nkuko nanya Leta nyene yagumye yitegurira intambara kuva kera.
Wawundi ngo hazoca uwambaye. Abo Imana izozigama bazobona vyinshi. Mugabo vyose kugira bishike hiyo abarundi bose barabonye uko bigenda birakurikirana kimwe kukindi. Uretse abanyagihugu, abasirikare n’abategetsi bishwe n’abahatwse kwicwa raba uko bigenda umuntu umwe ahagaze kugura akantu kwibarabara. Aha ndiko mvuga Alain Guillaume Bunyoni. Amabarabara yose bayugaye , imodoka zose zirahagarikwa n’abantu ntibasubira kurengana gushika ahejeje gusuma.
None igihugu cacu c’uburundi kizoguma gutya? Bose barazi yuko atariko bizoguma. None bizohindurwa nabande? Ico tuzi:
– Si abirirwa mu nda yindege ngo bagiye mu biganiro vy’amahoro;
– Si abirirwa baratukana kumaradiyo no mubinyamakuru bandika, bagumura canke bacafuza uyu n’uriya;
-Si kandi ubudumbi dumbi n’ubuhojojo bw’imihari n’imigambwe butazi ico buharanira, bwirirwa buracanamwo, bubesheranira, uyu munsi biyunga ejo bagasambura.
– Sivkandi abo mwibaza bagize uruhara muvya politike yigihugu bananiwe no gutunganiriza abarundi bose.
Nkundire ndabamenyeshe yuko abazoragwa igihugu c’uburundi ari abatavuga amajambo y’urwanko, abatuka uyu canke uriya, abadahiga kumara aba canke bariya mugabo abashize imbere kugororoka no kugendana n’Imana bonyene.
Kubwo abisezerano
Murihano Kuro.