Muyinga : Umuntu yari kumwe n’umukuru w’umutumba yishwe arashwe mugabo umukuru w’umutumba we yashoboye kuyanyaga.

Muyinga : Umuntu yari kumwe n’umukuru w’umutumba yishwe arashwe Abajejwe intwaro mu ntara ya Muyinga bavuga ko uwo mugabo yarashwe ari kumwe n’umukuru w’umutumba Mwurire, bariko baratahana, ariko uwo mukuru w’umutumba akaba yarashoboye kunyaga amagara.

Abantu barashe uwo mugabo ntibaramenyekana, mu giporisi i Muyinga bakavuga ko amatohoza yamaze gutangura.