Karusi : Umugabo yishe mutoyi wiwe yasabiwe gupfungwa ubuzima bwose
Uwagirizwa ubwo bwicanyi ariyemerera ko ariwe yishe mutoyi wiwe azwi nawe kw’izina rya YAMUREMYE Dieudonné, amutemaguje umupanga, muhira aho bari basanzwe baba.
Abo bavukanyi babiri bari bafitaniye urubanza rw’amatongo muri Sentare, uwo yishwe akaba yagiriza mukuru we ko yamunyaze amatongo indwi yaguzwe mu mafaranga yiwe, nk’uko vyemezwa n’umuryango w’abo bavukanyi bompi.
BIGIRIMANA Jean Marie yakoze ubwo bwicanyi yasavye ikigongwe imbere ya Sentare, asaba ko yogabanirizwa igihano.