OPC2 Désiré UWAMAHORO yaraye asubijwe mukazi.

Nk’uko biri mw’itegeko ry’umushikiranganji w’umutekano Commissaire de Police Chef Alain Guillaume BUNYONI, ryateweko umukono kw’igenekerezo rya 19 Rusama 2017, ingingo yahagarika OPC2 Désiré UWAMAHORO yakuweho.Iyo ntwazangabo mu giporisi c’Uburundi yari yahagaritswe yagirizwa gushaka kwiba amafaranga umurwizatunga ava mu gihugu ca Siriya, mu nyuma ajanwa gupfungirwa mw’ibohero rikuru ryo mu ntara ya Bubanza.

OPC2 Désiré UWAMAHORO yahoze arongoye igiporisi kidasanzwe kijejwe kurwanya imigumuko

OPC2 Désiré UWAMAHORO bamuciriye gupfungwa amezi atatu n’ihadabu ry’amafaranga umuriyoni umwe w’amarundi, ariko ubutungane busanga yaramaze gupfungwa ayo mezi.

Mu gihe nyene yari agipfunzwe, haciye hasohoka itegeko rimukura ku burongozi bw’igiporisi kidasanzwe kijejwe kurwanya imigumuko.