Abapolisi bane bishwe abandi bane barakomereka mu gitero cakozwe ku wa gatatu mu mutwenzi, mu karere ka Liboi hafi y’umupaka wa Kenya na Somalia.

Abapolisi bane bishwe abandi bane barakomereka mu gitero cakozwe ku wa gatatu mu mutwenzi, mu karere ka Liboi hafi y’umupaka wa Kenya na Somalia.Abajejwe umutekano bavuga ko imodoka yaritwaye abapolisi, yaciye ku ki bombe cari catezwe mu kuzimu.

Amakuru aturuka mu bigo bitandukanye vy’itangazamakuru ryo muri Kenya, avuga ko abo bapolisi bariko baragenzura umutekano mu karere ka Kulan, igihe iyo modoka yaca kuri ico gisasu.

Abapolisi bakomeretse barimwo umwe aremvye baciye bajanwa i Nairobi kuvurigwayo.

Icegera c’umukuru w’igihugu, William Ruto, yarungitse ubutumwa kuri Twitter avuga ati: « Abaguye mu gitero ca Liboi mu ntara ya Garissa bari mu vyiyumviro vyanje. Birakwiye ko twubaka uruhome ku mupaka ».

Ubutegetsi bwa Kenya bwafashe iciyumviro co kwubaka uruhome ku mupaka wa Kenya na Somalia, inyuma yaho hagabiwe igitero kw’ishule kaminuza rya Garissa mu buseruko bushira uburaruko bw’igihugu, abantu 147 bakahasiga ubuzima.

Une réflexion sur “Abapolisi bane bishwe abandi bane barakomereka mu gitero cakozwe ku wa gatatu mu mutwenzi, mu karere ka Liboi hafi y’umupaka wa Kenya na Somalia.

  1. It’s the best time to make some plzns for the future and it is time to be happy.
    I’ve red this post annd iff I could I desire to
    suggest you few intereesting things or tips. Maybe yoou could
    writte next articles referring too this article. I want to read even more things about it!

    J’aime

Les commentaires sont fermés.