HCR ivuga ko ibitigiri vy’abahunga Uburundi bibandanya kwiyongera .

HCR ivuga ko ibitigiri vy’abahunga Uburundi bibandanya kwiyongera 
Iryo shirahamwe rimenyesha ko ababandanya guhunga Uburundi babwira HCR ko batinya ihohoterwa rya kiremwa muntu, hamwe n’ugufatwa ku nguvu. Babar Balosh, umuvugizi wa HCR amenyesha ko umurindi w’abahunga mu Burundi ubandanije kuba uko uri ubu, mu mpera z’uwu mwaka Uburundi bushobora kuja mu kibanza ca gatatu muri Afrika, mu biguhu bifise abanyagihugu bahunze kurusha ahandi.

HCR ivuga ko igihugu ca Tanzaniya arico gifise impunzi z’abarundi nyinshi, kuko muri ico gihugu hari abaharurwa mu bihumbi 249. Urwanda ruza mu kibanza ca kibiri ku mpunzi z’abarundi ibihumbi 84 000, abagera ku bihumbi 45 muri Uganda, hamwe n’ibihumbi 41 muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo.

Ishirahamwe HCR rimenyesha ko uburyo bukenewe kugira izo mpunzi zifashwe mu bihugu zirimwo bwiyongereye buva ku miriyoni 214 z’amadorare, buja ku miriyoni 250. Muri ayo akenewe, Babara Balosh avugira HCR amenyesha ko hamaze kuboneka ibice bibiri gusa kw’ijana, agasaba abasanzwe bafasha iryo shirahamwe ko botanga imfashanyo zihutirwa kuri ivyo bihugu birimwo impunzi z’Abarundi.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru i Genève kuri uwu wa kabiri, Babar Balosh yasavye ibihugu bibanyi vy’Uburundi ko vyobandanya kwakira abahunga umutekano muke uri mu Burundi, ivyo bihugu bigasabwa kandi kutirukana ku nguvu abasanzwe barahunze.

Babar Beloch, umuvugizi w’ishirahamwe mpuzamakungu HCR riraba ivy’impunzi