Imburi kubantu bava mw’isezerano ry’Imana bakigenera gukora imigwi yabo.

IMBURI,IMBURI,IMBURI.Yemwe Hanga ry’Imana muriko muridondomba ngo Mose na Aroni ngo ivyabo nta kigenda,mukaremera Aroni ngo abakorere ikimasa,babanje gukatura inzahabu bambaye ku matwi yabo,(bisobanurwa ngo mu vyo bumva babwirwa)ni mwumve uko Uhoraho avuga kuri Mwebwe,ati:<<Uku nik’Uhoraho agize at’aravumwe umuntu yishimira abantu,akizigira inkomezi z’umubiri,umutima wiwe ukava k’Uhoraho,azoba nk’agasaka k’inkokore mu bugaragwa,kandi ntazobon’ivyiza bimujeko;ariko azoba ahagadutse,ahantu h’ubweranyange,igihugu c’umunyu kitabamwo abantu.>>Yer 17:5-6.Nariko ndasenga Uhoraho arambwira ngo mburire abarambiwe n’abariko basubir’inyuma,n’abariko bidodomba bose,kuko Uhoraho asidukanywe no kwiyerekana hamwe no gukora ibidasanzwe muriki Gihugu cacu.

Igihe Mose yari ku musozi kwumviriza ic’Imana Ivuga no gutora amategeko,hariyadukije abiyita ababona kure,bigira incabwenge,batangura guhagarika imirima y’Abisirayeli bakwiragiz’amakuru ko Mose yapfuye,kubw’inyungu zabo,bironderera ikimasa barakivugutira mu nkero,Kuvayo 32:1-6Ariko kandi Mose yaratevye araza,bamwe bagarariza,ca gishushanyo caraturiwe n’umuriro w’Uhoraho,mu gihe bariko bararya banywa bongera bavyina.Maze na bamwe bagarariza mu kwikura mu burongozi no mu rutonde rw’Imana,nta n’umwe yarokotse.Kuvayo 32:15-20;25-29.

Ayo majambo ntuyafate uko wigombeye,n’imburi ivuye k’Uhoraho,ariko araburira abarundi bariko barakura imitima kuvyo Imana yavuze,bakayishira k’uruyu n’uriya,bivanye n’uko bazimagizwa n’ababaca intege ngo nta vyo gusenga ngaho,ngo nta kiriko kirakorwa,ngo nta kivugwa,ngo naka agira abikore,ngo na ntuze n’umuhinga turamuzi,Mwebwe mwizigiye naka,ni mumukurikire,natwe tubandanije gukurikira Uhoraho,Kubw’imbabazi z’Imana,ni mwihane mucumva iyi mburi,Mose ariko arahindukira ava k’Umusozi w’Imana,n’aho umenga aratebaganye,jeho ndumva imirindi y’uguhindukira kwiwe.Ikibwigwa n’icumva,icerekwa n’ikibona,ni mwumve ico Mpwemu Yera abwiye Abarundi amen.