NI KUKI ABANTU BAMWE BAMWE BITWA KO BANGAJWE NA NKURUNZIZA USANGA BARAJWE ISHINGA N’ABO BASANGIYE UBUHUNZI?
Haraheze imisi itari mike abantu bamwe bamwe bitwa ko bahunze amarorerwa yariko arabera mu gihugu c’Uburundi bivuye ku kiringo ca gatatu ca Nkurunziza,ariko ugasanga barajwe ishinga nabo bahunganye canke basangiye ingorane,mbere washaka basangiye politike yo gukuraho ubutegetsi bwa Nkurunziza.
Umuntu yotegera gute ukuntu abantu bifatira mu gahanga General Niyombare canke Umushingamateka Hussein Radjabu nkaho womenga nibo bansi babateye ingorane canke bateye ingorane igihugu?
General Godefroid Niyombare duherukana mu 2008 kandi sindiko ndamuvugira kuko ntiyantumye kandi singomba kumuhayagiriza abantu canke abanyapolitike batamwiyumvamwo,ariko nobaza abantu birirwa baramutuka,bamutyoza nkaho womenga ivyago igihugu kirimwo niwe ariko arazitera canke nkaho womenga yarabujije canke abera intambamyi abarundi bafise imigambi yo kwikura Nkurunziza.
General Godefroid Nkurunziza aramuzi kandi arazi ko yabaye intwazangabo muri benshi yamwubahutse!
General Godefroid ntawe yigera abwira nabi,nta wuramwumva avugira ku ma radio canke yandika mu binyamakuru,nta numwe ndumva yatyoje mu banyapolitike canke abataribo,ivyo yakoze igenekerezo rya 13/Rusama 2015 benshi muri mwebwe mwaramuhayagije akiriko arabikora,mwaravyinye,mwaratamvye muratarika,eka n’ibinyobwa vyoba vyaranyowe mwigina ko yatembagaje ubutegetsi,none bwa bundi kwari ukumuta mu rudubi canke canke mwaramusuka mufise agatima kirabura?
General Niyombare yamaze imyaka cumi mu rugamba rwo kugarukira demokarasi rwatwaye abana b’Uburundi ibihumbi vyinshi twibaza ko bizogenda neza ntihagire ikibondo c’Uburundi kizosubira gupfa canke kwangara ndetse no kuborezwa igufa nkuko biri uno musi,kuba yaragerageje gutembagaza ubutegetsi bikanka,sinibaza ko yarafise umugambi wo guhonya abarundi,kandi siwe wa mbere yatsinzwe intambara,urugamba rwose urutangura wibaza ko urunyarutsa ariko kenshi birangira arirwo rwihaye intsinzi canke intsinzwi, kandi uwutsinzwe ntibatsindaho,sindiko ndamucira urubanza rwiza canke rubi,mugabo ivyo yubahutse igenekerezo rya 13 Rusama gushika uno musi abandi barabitinya,kandi nta numwe ariko arabuza ngo ntimukore ivyamunaniye,bigenda gute ngo uno musi abantu bamugire umwansi gushikaho bamwita igisuma ngo yiba amahera,nibindi twama dusoma mu ngurukanabumenyi,nimba yiba abantu,ni kuki abibwa bataravyivugira canke ngo bamwiyishurize?
Ikindi kitumvikana,ni yaba yiba,mbega yoba yiba gusumba ubutegetsi bwa Nkurunziza? Kuki abantu muhindukiriza imyampi ahatariho? Ninde General Godefroid yabujije gukora ivyamunaniye? Ubwo ntimuzosanga mwashize mu ngiro wa mugani uvuga uti : ubugomba burahigwa bugahigana? Mu kirundi baca umugani bati : utuka uwutagusubiza ukaba uriko urituka.
Nimba haruwo nakomerekeje arambabarira ariko ahe agaciro ubuntu ,ubugabo n’ubushingantahe kuko nta wuzovuga ngo vyagira urumugabo canke nguri umushingantahe ngo waratukanye! ibitutsi ku wutagusubiza ni ubukungu!
Murakoze.
Hon Manasse Nzobonimpa