Ubuhanuzi ku burundi no ku Rwanda buriko burashika mu maso yanyu.

ABANTU BOSE MWAGIRIWE UBUNTU BWO GUSOMA IMBURI, UBUHANUZI, KU VYA ISIRAYELI YA KABIRI, IBI NIVYO MURI VYINSHI MWIBUKIJWE, KUGIRANGO NTI MUGUME MWIRIZA, MWIHEBURA, MWIFATA NKA BANTU BI BIJUJU , BI MPUMYI, MUKANANIRWA NO GUSHIMA KO IMANA IDASIBA GUTANGA IBIMENYETSO MU BURUNDI, NO HANZE YAHO :a. Ni kuva ryari, abo mu bwoko bwa bahutu bari bwa vugweko ububi nk’ uyu musi ku ntwaro ya Petero Nkurunziza= Farawo.

b. Mbega mu batware batwaye mu burundi, Farawo afise ijunja irihe ritewe na mashure menshi yisi yize yo tuma, ibihugu vya rutura, na bategetsi bakomeye kwisi iryo bavuze atawusubizamwo ariko ntatinye gukora icaha co kwica.

c. Ko mwabariwe yuko Imana ya mujanye ikuzimu kandi imucana mu bihugu vya barabu na aziya iwabo n’imana ya Bayali ariyo Dagoni ubu ariwe azwi kwizina rizwi rya Allah, ari co gituma Farawo atavuga izina Yesu Kristo uretse kuvuga imana yo mwijuru, ku girango abashe gushitsa ivyo mwirirwa murumva, murabona, murasoma, ibibashikako, kandi ikaba ya muteranije na bazwi muri kahise ki ntwaro ni ntambara z’ i bihugu vyo ku mugabane wa afrika { abazungu} canecane { ababiligi}, ubwo bubasha, iryo junja, uko kudatinya kwiwe ni misore yiwe imbonerakure zifatanije ninterahamwe bikaba arivyo bitumye benshi bibaza yuko atawo mushobora, mbega iyo Imana itamukomantaza umutima, ikamujana ikuzimu aba akiri muzima, uhereye kera mu ntwaro zu burundi ata mutegetsi amara na kabiri ku ntwaro atishwe, muri 1Samueli 2: 6 = Uhoraho ni we atuma umuntu apfa, kandi ni we atuma abaho, Ni we amumanura i kuzimu, kandi ni we amukurayo.

d. Ku mpfu zirirwa ziraba ico mutaburiwe kare kiriko kiraba ni ikihe, ubu mbese umuhanuzi Gakwaya nti mwiyibutsa ivyo ya vugishijwe, benshi bibaza yuko yari umubeshi kubera uburyo ya bitondetse atariko vyabaye, ariko ibiba bikaba ataho bitandukaniye nivyo ya vugishijwe, ubu ni ikihe gihugu kwisi gishobora kwicirwamwo, intwaza ngabo zo ku rwego rwo hejuru zifise na mapete akomeye , nka Major, Coronel, Generale birirwa bicwa nka banyagihugu basanzwe kandi bigafatwa nki bisanzwe, nkuko biriko biba mu burundi, none ivyo biriko biraba nuko ari Farawo ubwiwe avyishoboje, nuko ariwe gahebuza mu bwicanyi, atinyitse, kuki none nawe nubwo abikora atakiri aho ya tegerezwa kuba, ubu none igihugu ntagitwaye nka bandi bahunze nawe ari mu gihugu, ico ntico babereye ikimenyetso cuko atari kubwo u bubasha bwiwe, kuba ariko yica abantu ukwashatse, ni kubera atari we yica hica Imana, nico gituma na nyene be nu muryango wiwe bagiye gushikirwa ni mpfu, kandi babayeho nki zindi mpunzi za barundi zirirwa ziyerera mu bihugu bitandukanye kubera, umuvumo wa maraso n’ i sezerano ryabo ritarashika ata mahoro baronka.

e. Ikibazo c’a moko mu burundi, Imana ya rarahiye yuko igiye ku gikuraho, none ubu ninde mututsi atahunze, ninde mutwa atahunze, ninde muhutu atahunze, ninde mututsi atari mwishamba, ninde mutwa atari mwishamba, ninde muhutu atari mwishamba, ninde mututsi atari mu bakorana na Farawo, ninde muhutu atari mu bakorana na Farawo, ninde mutwa atari mu bakorana na Farawo, ninde mututsi aticwa, ninde muhutu aticwa, ninde mutwa aticwa, none ivyo vyose mwashaka intambara ibe mu tabanje ku bibona ngo bibabere ikimenyetso ciza cuko mu burundi bushasha ata vya moko bizobamwo kubera Imana yabanje kuvyerekana imbere yuko intambara itangura, erega abana ba bantu ivyo twama twifuza kenshi, sivyo Imana iduhereza kubera vyo duturira, none ko abatutsi batwaye u mwanya muremure, ubu abahutu mu mwanya muto batwaye, mbega ibibi bivuzwe cane kuri iyihe ntwaro, = Ijambo ry’Imana muri Matayo 19 : 30 riravuga riti : Ariko benshi b’ i mbere bazoba ab’ i nyuma, kand’ ab’ i nyuma bazoba ab’ i mbere.

f. Ku ntwaro ya Buyoya, hariho imisore yitwa abasanzasheke, Abajandarume, iyo mirwi yari itinyitse nkuko uyu musi Imbonerakure, Interahamwe zisigaye zitinyitse mu burundi, none ni ikihe kintu co batera kutizera iyasezeranye ko itabesha iriko irashitsa? none ninde atatwaye nabi hagati ya batutsi na bahutu, ko hose abantu bapfa, bahunga, barira, bihebuye, Igihe ciyo misore ya basanzasheke n’ abajandarume ivyo bakoze umwanya babikoze, mbega Imbonerakure n’Interahamwe bari hehe ? Mbega iyo misore y’ Imbonerakure n’Interahamwe ivyo iriko irakora, mbega Abasanzasheke n’abajandarume bari hehe ? Mutinye Imana yo yica umuntu, maze igakorora i kuzimu Impwemu yiwe, nti mutinye abantu bica umubiri, hanyuma ntihagire na kimwe bakora kindi.

g. Amasanganya, impfu, indwara inzara, mu burundi, mu bahungiye hanze, no mu bihugu vya kure hagendwa n’ i nkukuma, none murashaka yuko muhabwa ubundi buhanuzi buza buvuga bute, ku biriko bishikira bamwe muri mwe, nki kimenyetso cuko iyasezeranye itabesha ishitsa.

Uwugifise u bwenge bugikora neza, mu mutwe atahaye i kaze abadayimoni bo kumugira impumyi, no kwibagira, yi tunganye hakiri kare, kubera nti mwibaze yuko abo bahaye bapfa mu barusha ububasha, na bonyene ntibashaka gupfa, urubahitana, ejo ni mwe ruhitana, kuko ntaco Imana ya koze itabanje kwibira akabanga abasavyi bayo.

Murakoze.