Umuntu atamenyekanye yatowe ikiziga mu Ngagara.
Ababonye ico kiziga bavuga cari camaze kwononekara, ariko bakavuga batashoboye kumenya uwo muntu.
Ico kiziga gitowe inyuma y’iminsi mike haheze ikindi c’umusore w’imyaka nka 30 catowe muri karitiye ya Kigobe mu gisagara ca Bujumbura, hafi y’ahakorera igiporisi kijejwe imbibe n’ibirere.
Ico kiziga catowe mu muvo w’amazi, bikaboneka ko uwo muntu yoba yishwe akubiswe, kuko yari afise ibimenyetso ku mutwe vy’aho yakubiswe.