Igihugu ca Sudani y’Ubumanuko cugaye imbibe gihana na Republika Iharanira Demokrasi ya Kongo 

Igihugu ca Sudani y’Ubumanuko cugaye imbibe gihana na Republika Iharanira Demokrasi ya Kongo 
Abategetsi b’igihugu ca Sudani y’Ubumanuko bavuze ko bugaye imbibe igihugu gihana na Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo, mu ntumbero gukinga ko indwara ya Ebola yinjira muri ico gihugu.

Mu ndwi zibiri ziheze,Ishirahamwe ryitaho amagara y’abantu kw’isi OMS,ryatangaje ko abantu bane aribo bitavye Imana bahitanywe n’indwara ya Ebola.

Umwe mu bategetsi b’akarere gahana urubibe n’igihugu ca Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo yavuze ko uruja n’uruza rw’abantu n’ibidandazwa ruzosubira mu gihe hazoba hasohotse irindi tegeko.

Uwo mutegetsi yavuze ko abakozi b’amashirahamwe mpuzamakungu bamaze gutangura igikorwa co guhimiriza abanyagihugu, babigisha ibijanye n’indwara ya Ebola.

Mu kande karere gahana urubibe n’igihugu ca Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo, abategetsi babaye barahagarika urudandazwa rw’inyama, mu ntumbero yo gukurikiranira hafi abadandaza.