Kenya: abapilisi icenda baguye mumutego wabakora iterabwoba.

Mûri abo icenda, batanu ni intwazangabo mu giporisi ca Kenya, imodoka barimwo ikaba yaciye ku gisasu igeze ahitwa i Fino.
Muri Garissa naho, abaporisi bandi bane (Agents de la police) nabo nyene bahitanwe n’igisasu imodoka barimwo yaciyeko, babiri mubo bari kumwe barakomereka.

Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu ca Kenya bwamenyesheje ko biboneka ko abigizi ba nabi b’abihevyi bagihari muri ico gihugu, bagasaba abanyagihugu ba Kenya ko batokwijajara.

Igihugu ca Kenya cagiriza abarwanyi ba Al Shabab ko aribo bateze ivyo bisasu vyahitanye abaporisi b’ico gihugu.

Abajejwe umutekano muri Kenya bavuga ko bagiye kubandanya ibikorwa vy’ukurondera hamwe n’ukurwanya abakora iterabwoba muri ico gihugu.

Ico gitero kibaye inyuma y’umunsi umwe gusa, Joseph Boinnet, umugenduzi mukuru w’igiporisi ca Kenya agabishije ko abarwanyi ba Al Shabab bakora iterabwoba binjiye muri Kenya, kandi bariko bategura ibitero.