Kenya : Abandi baporisi 5 bishwe
Nk’uko tubikesha BBC, umugwi w’abagwanyi ba Al Shabab umaze iminsi ukora imitego ibangamiye cane igihugu ca Kenya, uwo murwi ugashaka ko ico gihugu gikura abasirikare baco bagiye kugarukana amahoro muri Somaliya, mu bikorwa vya AMISOM.
Abo baporisi bishwe inyuma y’aho kuri uwu wa gatatu, abandi icenda bagandaguwe mu mutego wa Al Shabab, mu karere ka Mandera hamwe na Garissa.
Imiduga barimwo yaciye ku bisasu (Mines) vyatezwe n’abihevyi.