Mu ntara ya muyinga umuntu yiyahuye aca asigira ubutumwa abavyeyi biwe.

Ubutumwa yasize yandikiye abavyeyi biwe imbere y’uko yiyahura
Muri ubwo butumwa yanditse ati : « Bavyeyi nkunda, mumbabarire kuvyo nkoze, igihe cose nakoze akazi nari naronse uwunkoresha ntanarimwe yigeze anturubika. Nagize ideni rirenze mu gasandugu, ngira ngo rizohera, none ubu vyari vyarenze impinga. Naragerageje kuraba ukuntu ringana, ndaraba ukuntu ata kingoro na kimwe nariyemwo nca mpitamwo kwikura ku buzima.

Uwo nakorera niyaza gutora izo mfunguruzo ntimuze mumuteko ishavu kuko nawe afise umubabaro nk’uwo mufise. Ideni ryangana n’ibihumbi amajana indwi. Mu rwete nasize ndamwandikiye namusavye ko yobahebera, ariko niyabarihisha muramuha. Jewe rero ndabasezeye murabeho.

Ivyisi biragoye umuntu asigaye agira ideni ry’umurengera ataco yariyemwo. Murabeho. »

Ubutumwa uwiyahuye yasize yandikiye abavyeyi biwe

Ikiziga c’uwo musore catowe kimanitse ku mugozi, mu murima w’ibitoke, aho yiyahuriye.