Ayo mafaranga yakoreshejwe mu kugura ibiribwa birimwo ibiharage bigera ku matoni 147 vyaguriwe mu gihugu c’Urwanda, amavuta agera ku matoni 34, hamwe n’ifu y’ubuyi ingana n’amatoni 55.
Igikorwa c’ukwakira ku mugaragaro iyo mfashanyo cabereye ahakorera ishirahamwe mpuzamakungu PAM mu gihugu c’Urwanda, muri Kicukiro, mu gisagara ca Kigali, kuri uwu wa kane, hagati y’Umuyobozi wa PAM mu Rwanda hamwe n’uwuserukira Ubuyapani muri ico gihugu.
Umuyobozi wa PAM mu Rwanda, Jean Pierre de Margerie (i bubamfu) ari kumwe n’uwuserukira Ubuyapani mu Rwanda, Takayuki Miyashita, mu bikorwa vyo kwakira imfashanyo y’imfungurwa zigenewe impunzi z’Abarundi i Mahama
Igihugu c’Ubuyapani gitanze iyo mfashanyo inyuma y’aho bivugiwe ko mw’ikambi y’impunzi z’Abarundi i Mahama hari ikibazo gikomeye c’ukubura imfungurwa ku mpunzi z’Abarundi zigera ku bihumbi 55.
Takayuki Miyashita aserukira Ubuyapani mu Rwanda yamenyesheje ko igihugu ciwe kizi neza ko gufungura neza ariryo shingiro ry’ubuzima bwiza, akaba ari naco gituma ciyemeje kugira uruhara mu kurwanya inzara hamwe n’ugufungura nabi mu mpunzi, agahamagarira n’ibindi bihugu guterera agacumu k’ubumwe.
Umuyobozi wa PAM mu Rwanda, Jean Pierre de Margerie, yashimiye Ubuyapani kuri iyo mfashanyo izogira akamaro ku buzima bw’impunzi z’Abarundi ziri i Mahama.
Ishirahamwe mpuzamakungu HCR riraba ivy’impunzi kw’isi rivuga ko ibitigiri vy’Abarundi bahunga bibandanya kwiyongera, ivyo bitigiri bigashobora gushika ku mpunzi z’abarundi zirenga amajana atanu mu mpera z’umwaka w’2017, mu gihe atacokorwa mu mutekano w’Uburundi.
HCR ikavuga ko Uburundi bushobora kuja mu kibanza ca gatatu muri Afrika, mu biguhu bifise abanyagihugu bahunze kurusha ahandi, mu gihe atacokorwa.