Ubusuma bwimonogoje mu gihugu c’uburundi.

Ubusuma bwimonogoje mu gihugu c’uburundi. Bimwe twahora twumva mubindi bihugu vya Afrika cane cane vyashitse ngaha iwacu. Uretse yuko biba amamachini yinyabwonko mumuduga no mu biro, udutelefone ntibatugera umutwe canke ibifungugwa vyo mumirima. Ubu naho batandukiriye kwiba ibikoresho vyo mumasengero.

Iyi minsi ni mibi cane, aho abapatiri bahamwa bagirizwa kwivanga muri politike abandi bagafatanwa intongo bagira ubusambanyi bwimonogoje. Abakirisu bagafata mukanino abungere babo, ngabo kandi batanguye kuja kwiba ibikoresho vyo mumasengero.

Abasuma bagiye muri Parroisse Cendajuru muri Diocèse Ruyigi bamena isengero baca biba ostensoir. Nguyo rero  uwayifatanywe mu Ruyigi.

Tuboneyeho rero akaryo ko gutera akamo abarundi bose aho bari kugira bave I buzimu baje I buntu, abakuru n’abato bikubite agashi bagarukire imico runtu yamye iranga abarundi. Kuko aho igihugu c’uburundi kigeze naho abarundi bariko baraja ni habi cane. Duhaguruke twese tubogore tutarasesa.

Abisezerano