Ubwongereza : Uwukekwa kugira uruhara mu gitero yafashwe.
Nkuko tubikesha BBC , igiporisi co mu gihugu c’Ubwongereza kimenyesha ko ari umwe mu bantu 8 bari mu maboko y’abajejwe umutekano ku mvo z’amatohoza .
Igiporisi kimenyesha ko umwihevyi Salman Abed yoba aturuka mu gihugu ca LIbiya aho uwo yafashwe yoba afitaniye imigenderanire ya hafi nahatunganirijwe ico gitero .
Kuva mu gisagara ca Manchester habaye igitero, abantu bashika kuri 10 baramaze gufatwa ariko 2 muribo bakaba bamaze kurekurwa .