Amerika igiye kugerageza igisasu
Iradiyo BBC imenyeshako Amerika igiye kugerageza ico gisasu inyuma yaho Koreya ya ruguru imaze imisi ikora ibisasu ikongera ikanabigerageza mu kubitera , ivyo bikaba vyateye impungenge igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika.
Uwujejwe igendereza muri Amerika yamenyesheje ko Koreya ya ruguru idahagaritse ivyo bikorwa izoshobora gukora igisasu yotera kigashika mu gihugu ca Reta zunze ubumwe za Amerika .
Amerika itegekanya kugerageza ico gisasu ku munsi wa gatatu.