Kenya : Peter Salomon Gichira yagerageje kwiyahura kubera yankiwe kwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu. 

Kenya : Yagerageje kwiyahura kubera yankiwe kwitoza mu kibanza c’umukuru Ikinyamakuru co mu gihugu ca Kenya Daily Nation, camenyesheje ko Peter Solomon Gichira yari amaze gushikana ibirego muri sentare asaba ko yohagarika ingingo yashizeho zituma atemererwa kwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu ca Kenya.

Ayo makuru y’ikinyamakuru Daily Nation avuga ko ku mutaga wo kuwa gatandatu igenekerezo rya 27 Rusama,umwaka wa 2017 Peter Solomon Gichira yagerageje kwiyahura aciye mw’idirisha ry’inzu Anniversary Towers

Umukuru w’igipolisi kijejwe igendereza mu gihugu ca Kenya, Robinson Thuku, yavuze ko Peter Solomon Gichira agiye mu murwi ujejwe gutunganaya amatora kuraba aho ivyiwe bigeze agasanga yarankiwe kwitoza, yashatse kwikorora aciye mw’idirisha arik abapolisi babiri bahari baca baramufata.

Bitegekanijwe ko Peter Solomon Gichira ashikirizwa imbere y’ubutungane kuri uno wa mbere igenekerezo 29 Rusama, umwaka wa 2017 yagirizwa gushaka kwiyahura no kwanka ingingo z’urwego rutegura amatora.

Igipolisi ca Kenya canse kurekura uwu mugabo naho yari yemeye gutanga ingwati, gitinya ko ashobora gusubira kwiyahura.