Abarongoye intara bibukijwe ko bitabujijwe guhanahana ivyimburwa 

Abarongoye intara bibukijwe ko bitabujijwe guhanahana ivyimburwa 
Mu gihe hari aba Buramatari barongoye intara bafata ingingo zabo z’uko ivyumburwa vyo mu ntara baba barongoye bitosohoka kugurishwa mu zindi ntara, Reta y’Uburundi imenyesha ko itigeze isaba ko ingingo nk’izo zofatwa.

Pascal BARANDAGIYE, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu yibutsa ko ivyo Reta yanse ari umwimbu wotwarwa kugurishwa mu bindi bihugu, ariko ko uguhanahana ivyimburwa hagati y’intara ari umugirwa wamye uranga Abarundi, kuko ata ntara yikwije yonyene ubwayo.

BARANDAGIYE amenyesha ko ivyimburwa bidahanahanwe mu ntara zitandukanye, hari abatoronka imfungurwa zikwiye, aho akavuga nko mu gisagara ca Bujumbura batarima ku bwinshi.