Ubuhanuzi ku Burundi, Urwanda na Congo RD: Ntaco Imana ikora itibiye akabanga abana bayo.

Ngaha muri ubu buhanuzi murishugwa utubazo abantu bamwe bamwe bo mukarere kibiyaga binini bibabaza ku bihe twimirije kujamwo n’igaruka rya Mesiya. Ntaco Imana ikora itibiye akabanga abana bayo, usomye igitabo ca Matayo24:1-51 harimwo amajambo menshi atandukanye canecane avuga kuvy’Igihe c’Iherezo nigaruka rya Mesiya, ugasoma kandi amabwirizwa cumi y’Uhoraho, ugasoma kandi igitabo cuwavugishwa n’Imana Daniyeli n’Uw’Ivyahishuriwe Yohana {uwabiherewe mw’Izinga ry’i Patmo} aho hantu hatatu haratakaje benshi harazimije benshi hakomeje kuzimiza benshi muburyo bwukungene bahasobanurirwa nabayobozi babo, uburyo bo bahasobanura, uburyo kandi bahasobanukirwa, ndetse nuburyo bahasobanurira abantu,
Nkuko Imana ari Iyera, ari Impwemu, nabayisenga bakwiriye kuyisenga muri Mpwemu no mukuri, ivyayo benshi basigaye babisigura muri kameremere zabo nibo bazimiza benshi cane ariko bo bakabona kwari ukubakiza: Iyo ukurikiza ibwirizwa rimwe muma bwirizwa icumi {10} ayandi ukayareka ntabwo uba urongorwa na Mpwemu w’Ukuri, Iyo uvuga ubutumwa wisunze Izina rimwe ry’Uhoraho mumazina yose asigura Ubukomezi bwayo,Ukubaho kwayo,Ubwiza bwayo,Uburakari bwayo,Imbabazi zayo, Ntabwo uba urongorwa na Mpwemu w’Ukuri,: Iyo wigisha ivyigihe isi iba igezeko wisunze igitabo runaka kimwe {ca kunyuze, ca kuryoheye} mubitabo {66} bigize bibiliya yera, nkuko uba warabitahujwe ukabitahura nakameremere yawe ntabwo uba urongorwa na Mpwemu w’Ukuri:, 

Insiguro ku gitabo ca Matayo ikigabane ca 24 akarongo kambere kugeza aka mirongw’Itanu n’umwe :

Abenshi basigaye bahisunga cane gose ha kwisunga Igikorwa umukoresha wacu Umwami Yesu Kristo yadusigiye kugira aze agaruke asanga arico turiko, ahubwo amadini atandukanye niyo yasimbuye Ubugenzuzi bwokozwe na nyene Ijuru n’Isi, amadini menshi akoresha amajambo amwe ari murico kigabane cose mukwihumuriza iyo barogota kuri Mpwemu yera muvy’Ubuvugishwa, Ubuhanuzi bw’Ukuri buranga Isirayeli ya kabiri, mukuvuga yuko ari Ubwibinyoma ati; vyaranditswe ko mu misi ya nyuma bazokwaduka abavugishwa bibinyoma nabahanuzi bibinyoma kandi ko bazozimiza benshi ndetse bishobotse na bamwe mubatoranijwe, abandi basigaye bakoresha imvugo ziteyisoni, aho batukana bakoresha amajambo bavangatiranya ayigipagani{Ibitutsi} nay’Imana muguhakana Ubuvugishwa be nabavugishwa kandi bakishimikiza ayo majambo ari muri {Matao24:1-51} ngo bariko bararwanya barahubura Ubuhanuzi be nabahanuzi, ntibamenye ko bamaze kurogota kuri Mpwemu w’Ukuri. Abo Ndabwizukuri bagiye kurira batsita amaguru atakizobahoza canke ngo kibatabare, Imana yihanganiye ibigeragezo abana bayo barimwo vya Antikristo kubwabo ariko nabo bakomeje kwishira hejuru nkabarindiriye ivyavugishijwe ko bishika naho ari abarindiriye kuvunagurwa giturumbuka atagitabara kandi bigiye kuba {akabushungwe} Ibinyakabaka bamwe nivyo bigiye kubagirako imisi mikuru.

Insiguro ya ma bwirizwa i cumi y’Uhoraho

Impwemu mbi zaradutse mu bantu, aho umwe wese ubu mukwiyorohereza mubikorwa bidahesha Imana icubahiro, asigaye akoresha rimwe-rimwe muri mushigikira rihwanye nubutahuzi bwiwe bwa bibiliya muri Kameremere: Ijambo ry’Imana riratubwira riti, Wigisha abandi nti bibe ariko wewe ntiwiba? kwigisha umuntu icukuri ariko nawe atacukora uri mubacishe bimaziki? Nicogituma bisaba imbere yuko unegura Ubuhanuzi, Ubuvugishwa, Abahanuzi, Abavugishwa wisunze amajambo y’Imana wamenye, kuko atari ayawe bisabwa guca bugufi ugasenga Imana ugasobanuza , hari igihe usanga ari we mubi wigisha abandi ibibi ubazimiza wisunze ivyo wamenye ariko wibwira ko uriko ubakiza; Abaroma2:17-24.

Insobanuro ku gitabo ca Daniyeli na Ivyahishuriwe yohana ari mwizinga ry’i Patmo:

Daniyeli be na yohana w’Ivyahishuriwe bahawe amajambo agenda arasa mubuhanuzi bwabo kandi avuga kubihe bimwe vy’Iherezo: Bimwe muvyo bahurijeko ni Ubwami buyobora Isi, Ubutware bw’Ubwo bwami, ico buzokora, umuzo wabwo, niherezo ryabwo; Ibi bitabo benshi birabaryohera cane gose ndetse nkubu bimwe muvyo bavugishijwe bisohoka aburuvyaro rwubu tubibonesha amaso, baratakara cane gose bakanibagira umurimo wabo Yesu yabashinze bakisanga nabo bari mubikorwa bikorwa nubwo bwami ndetse bizokorwa nubwo bwami. nti gute;

 Iyo utahuye ivyigihe c’iherezo akaba arivyo ushira gusa imbere nabandi akaba arivyo wipfuza ko bagenderako bamenya wibagiye ko hariho abandi bataranamenya na Yesu ninde, usanuka uri mubarogosi bakomeye ndetse ukorana na bwa bwami bwavuzwe nabo bahanuzi babiri mukwibagira ko hariho benshi cane gose {Intama z’Imana} za zimiye zabuze aho zirisha nikizihereza amazi meza mugihe zinyotewe, ukitaho ivyo wamenye vyakunyuze akaba arivyo ushishikaza imbere abandi: abadayimoni, bubusambanyi, Bukwisambanya, bubusuma, bububeshi, bukutemera Imana, bo kwiba, bo kutamenya ukuri kw’Imana, kudasobanukirwa utudumbi-dumbi tuguma tuvuka twamashengero, ukuri kwidini ry’Ukuri bakakubura, ariko wewe ugashishikaza gusa za nyigisho zimwe wanyuzwe nazo ugasanga uriko uhangana nivyutagerewe IVUKA RYA ISIRAYELI YA KABIRI kubera ataho vyanditswe muri bibiliya, ariko wibagiye yuko wemeza neza ko ataco Imana idashoboye, Nkuko tutazi ukubaho kwayo niko udakwiye kwibabaza mukwibaza vyinshi muvyobaho vyose utigeze usoma muri bibiliya,; ndetse ukanisanga uri no mu bapinga ya Mana nyene wibwira nguriko uyivugira uyikorera ukorera Ijuru.

Abantu benshi gose barashishikaza kugenzura ivy’igihe turimwo nivyiza ariko babigenzura bate, munzira izihe bakurayo iki, canke ntibagirayo akagirire bakagarukana ubuneguzi ubugarariji,bukabije? 

Ntaho Yesu azokwigera aza gutora umugeni wayo satani ariwe ari Kungoma ntabwo yoba yitwa Imana nzima, none ko mwemera yuko ari Imana ishoboye vyose, mbega Isirayeli ya kabiri kubaho kwayo icaha kirimwo nikihe, kwinzira zayo zirengeye intoboro zumusegetera , zirenga umusenyi wo kukiyaga, icaha yakoze kirimwo nicahe, mbega abo yatoranije kubagira Isirayeli ya kabiri nibikoko canke nabantu, kuburyo itobishobora kurabo bantu kubagira Isirayeli ya kabiri, Imana yukuri itagira amacakubiri nkayabana babantu yakoze ico ciza ho kunezerwa mubandanya kuyikora mumbone zayo; aho mubigisha kutavyemera ngo muriko mukiza abantu bigorewe nabadayimoni ariho benshi bahereye muza freemasons, Illuminati, ikuzimu guhigayo ubutunzi kubera mwebwe mwigira ko Imana ikibemera arimwe ahubwo mwatumye {Intama z’Imana} ziruka amakoraniro yanyu mukabesha yuko ari igihe ciherezo kibitera nayo ni mwebwe muzirukana guko mukora ibihwanye nivyakora se kibi; abagikomeye mu mitima mwihane guko iraje guhana Isi uhereye muri Isirayeli ya kabiri {Yesaya13:1-22}.

Mu majambo avunaguye 

Iyo haza kukugendera umushitsi nuko uba wamwiteguriye kuva muhanye isango; Benshi barakorerwa ibitangaza kubibazo bitandukanye bafise mbese babandanya babaho ubuhe buzima ; Benshi bariteguriye igaruka rya Yesu Kristo nkuko uburyo bizeye basobanukirwa ivyavugishijwe bakaraba ukwisi imeze ntakibabuza kwemeza ko hasigaye ayaho Yesu Kristo atwara ishengero ryiwe; Benshi biteze ibihwanye nukwizera kwabo kubabwira kubijanye nivya ca gikoko gisa nagahama kiri muvyahishuriwe yohana bikaba arivyo bibateguza neza ko Yesu agira atware ishengero ryiwe.

Ariko koko Mesiya azoza mugihe nkiki ivyaha birwiriye, Continent ya Afrika niyo irangwamwo umuvyuro w’Ubutumwa mbese azoza bimeze gutyo ubutumwa buri ahantu hamwe, benshi bati: ntaho ubutumwa butariko bugera ntanumwe atumva ubutumwa, mbega uku niko kuvuga ubutumwa kwisi yose mukinyegero nkuko bikorwa namadini menshi yadutse akorera munyubakwa arizo {Nsengero}, Idini rya Kristo rizomenyekana gute mugihe yoza kandi hariho amazina menshi cane ya madini atandukanye basenga kumwe canke gutandukanye Imana basenga nimwe ariko amadini akaba ayatandukanye bibiliya bisunga arimwe, Yesu yavuze yuko we ariwe mutwe {ishengero} twese abantu turi ingingo zawo mbega utudumbi-dumbi ni nduru ziturimwo niko kuvuga ubutumwa kwisi yose Imana yatubwiye? 

Umuvyuro ugira gatatu niwo uzoza ubikuraho hasubire kubaho ishengero rikundana, ryitanaho, ryita kumpfuvyi, kubapfakazi, bavuga ivyo bakora batavuga gusa, nkuko vyari aho hambere, ritanegurana, umuyobozi wabo aba umwe bibiliya, Mwemu yera , Ukuri.

Kubaho kwa Isirayeli ya kabiri nico kimwe mu bimenyetso biranga iryo garuka risoboye ryishengero ry’Ukuri rya Kristo satani yajimije aho benshi barondera amaronko, ivyubahiro, kumenyekana bakazimiza intama.

 Ivyakozwe nintumwa2:37-47, Ivyakozwe nintumwa4:32-37, Ivyakozwe nintumwa5:1-11, Ivyakozwe nintumwa6:1-7.

Amen

 ANSELME, NYAWITA, YARAGWIRA.