UBURUNDI BURIKO BURAJA HEHE?
Ico ni ikibazo umuntu wese ashobora kwibaza aravye ibintu bitari bike muvya Demokarasi, ubutunzi, politike n’imibano. Uyu munsi twagomba kwibanda kuri kazoza kuvyerekeye ukwemera kw’abarundi ibintu bigumye mu nzira birimwo uyu munsi.
Reka dusangire uwu mwihwezo kwishengero ry’Imana I Burundi. Uretse ukutumvikana kwamye kwibonekeza hagati y’idini rya katolika na leta y’uburundi haribonekeza ibimenyetso vyerekana yuko ishengero ry’Imana mu Burundi ririko riraca mubihe bitoroshe.
Imbere yaho dusome 2Abami 2:19 « Maze abantubo muri ico gisagara babarira Elisa;bati Raba iki gisagara ingene cubatswe ahantu heza , nkuko nawe ubibona mugenzi; ariko amazi yaho ni mabi;kandi atera uburambu mugihugu. » Igihugu cacu ni ciza cane kandi Imana yakivuzeko ivyiza vyinshi; ariko kubizera bigiy kutoroha kuko habonetse amazi arura yitwa amategeko agenga amashengeron’iyindi mihari rukirisu. Muri Matayo 5:9 Yesu yerekana ko abahiriwe ari ababanguranya. Umukuru w’igihugu c’uburundi Petero Nkurunziza arasenga, araririmba mbere bitayeko aranavuga ubutumwa ariko leta yiwe ihari ngaha mu burundi iriko ishiraho amategeko adyanisha amashengero aho iha ama hirwe menshi amashengero yakera arimwo abagenzi b’ubutegetsi (aho mpwemu udasanga kenshi adakora cane) akibagira ayariko avuka canke ayatarakomera.
Hariho ibimenyetso ntamusiga vyerekana yuko ugusenga Imana kugeramiwe akarorero ni nko kwugara ivyumba vy’amasengesho n’imisozi yogusengerako: kayanza, Cibitoke, Bubanza, Rumonge ,na bujumbura benshi bita Rural n’ahandi.
Ukwisuka mwitunganywa ryibikorwa vy’amashengero gushika naho reta ibicishije mubushikiranganji bwintwaro yo hagati n’inyigisho zo gukundisha Igihugu ishira ho abarongozi b’ishengero ni ikintu kitabaho mugihugu gifise kazi za keza : ivyashikiye ishengero Ryera RY’intumwa za Yesu Kristo aho reta itegura ibikorane igategeka abarongozi n’ama choral kuja kama stade hamwe nabagize reta n’intwaro bakigisha bakongera bakaririmba indirimbo bategetswe(umuntu ashobora kwibaza ni ikihe kibaza ca Mpwemu Yera hasigaye hategeka reta munyigisho n’indirimbo) iyo bakanashirako ngo ishengero rotazo vyitaba canke bakore uko bazorikurikiranwa ni ikimenyetso cerekana yuko iterabwoba n’ihamwa ryatanguye mu gihugu c’uburundi.
Igikora gitegekanijwe kuva kuwa 09 -11 /06 /2017. Soma 2 Kungoma 26:16-18 kirimwo ibintu vyishi vyerekana yuko Leta yiziziye amadini n’amashengero ivyo navyo akaba ataho bihuriye n’ukwishira no kwizana kw’abarundi.
Amategeko avuga yuko uwuje ishengero ategerezwa kuba afise impamya bushobozi humanité general ico ni igitutsi ubutegetsi buba bututse umuremyi w’isi n’ijuru. Wosoma neza ukaraba uko Imana ihamagara abantu, ntiraba ivyo batunze canke amashure bite. Mt 4:28-22 Yesu ahamagara intumwa ziwe ntiyaravye amashure.
Kuvuga yuko ishengero ngo ritegerezwa kugira abantu 300 canke 500 ni ukwerekana yuko iyo Leta y’uburundi naho irongowe n’umumenyesha Mana kumwe n’umupfasoni wiwe, ntibanezwe ijambo nshingiro ryuwo bavuga yabatumye. Yesu yavuze ati ahari 2canke 3 babazoba bakoraniye, nzoza mbane nabo.
Ayo mategeko yiyo Leta arahava akimonigoza mu kuvuga yuko mugihugu hagati ishengero ritegerezwa nimiburiburi kuba ku kirometero hagati ya rimwe n’irindi co kimwe na metero 500 mugisagara(ishengero hagati n’irindi)
Leta ya Petero Nkurunziza irashika kure cane, aho isaba amashengero gutanga ibitigiri vy’amafaranga babikije muma banki mbere bagatako bakayimenyesha imitungi yabo yose. Hageze gutangisha amatagisi amashengero ni ikimenyetso cerekana yuko Leta aho gufata amashengero nkumuvyeyi afasha mu mibereho myiza y’abanyagihugu , ahubwo ibafata nkabadandaza canke abakeba muri ibi canke biriya. Hari tegeko ryiza ryanditse ngo buri mezi atatu ishengero ritegerezwa gutanga 30 .000 canke 120.000 ku mwaka nkuko ritegerezwa kuvuga ubutunzi bwishengero mubushikira nganji bwubutunzi. Mbere Leta yabikoze kuburyo iryotegeko rihagarikiwe n’abo bise ORGANE DE REGULATION ET RECONCILIATION gikorera mubu shikiranganji bw’intwaro yo hagati mugihugu.
Reka turangize tubibutsa yuko uwubikora wese yokwibuka yuko iyo ishengero ry’Imana ririko rirahamwa ari ikimenyetso yuko iyo ngoma iba igomba guhanguka.
Imana ibazigame mwese!