Abasirikare 23 b’intwazangabo z’Uburundi birukanwe Colonel Gaspard BARATUZA, umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi amenyesha ko abo birukanwe ari abari barungitswe kwiga hanze y’Uburundi mu bihugu vya Canada, Ubufaransa hamwe n’Ububirigi, ariko bakaba batagarutse, inyuma y’aho bahereje ivyigwa bari barungitswe gukurikirana muri ivyo bihugu.
Abo basirikare b’intwazangabo birukanwe mu gisirikare c’Uburundi ni Lieutenant Colonel Willy NTAHOKAJA, Lieutenant Colonel Fidel BIZIMANA, Major Albert GATERETSE, Major Alexis HAKIZUMUKAMA, Major Jean Berchmas BIGIRINDAVYI, Major Etienne NIYONZIMA, Major Venant HATUNGIMANA, Major Yvonne NDACASABA, Major Bonaventure BIGIRINDAVYI, Major Richard NDEREYINDAVYI, Major Prosper BIZIMANA, Major Deogratias MANIRAKIZA, Major Anaclet NIYONKURU, Major Diomede TUTURI, Major Jean Marie HARIMENSHI, Major Albert NSENGIYUMVA, Major Nicaise NSABIMANA, Major Jean Claude BUCUMI, Capitaine Zenon NZEYIMANA, Capitaine Christophe NTUNZWENIMANA, Capitaine Jean Claude NZEYIMANA, Capitaine Jean Marie NAHIMANA hamwe na Capitaine Theophile NIZIGAMA.