AMASENGESHO YO KUWA GATATU IGENEKEREZO RYA 31 RUSAMA N’IRYA 1 RUHESHI 2017.
Hanga ry’Imana Isumba Vyose aho muherereye hose mugihugu no kwisi, namwe ncuti n’abagenzi b’isezerano turabaramukije amahoro y’Imana tuti Shalom.
Nkuko twama tubugenza kuri buri wagatatu windwi na kira genekerezo ryambere rya buri kwezi, abisezerano bose baja imbere y’Imana bagasengera uburundi bushasha bw’isezerano, bakanasengera imitwaro itandukanye.
INYIGISHO ZIZOTANGWA: (Abayefeso 5:18-21)
1. Kumenya ico Imana ibwiriza ubwoko bwayo.
– Bituma umenya ubugombe bw’Imana ( Ivyakozwenintumwa 8:29-31)
– Bituma uja mubwiza bw’Imana ( Ivyakozwenintumwa 7:54-58)
-Bituma ukora imirimo y’Imana 13:8-12)
2. Ibishingira intahe ko wa menye ico Imana ishaka kubayo.
– kuririmbira Imana ( Zaburi 40:2-3)
– Gutanga ibimazi vy’amashimwe ( 2 Abitesaloniki 5:18)
– Guca bugufi (Yohani 17:47)
IMITWARO TUZOSENGERA:
*Uburinzi kubanyehanga ry’Imana aho bari hose.
*Gusengera gukomezwa ku bariko baracika inkokora ngo isezerano ryatevye, ngo ibigeragezo vyabaye umurengera…
* Gusengera abari mu ngendo zitandukanye zijanye nibikorwa vy’ihanga n’abo Imana yatumye irya nino.
* Gusengera abarwaye n’abagwaje, abashonje, abari mumutekano muke, abari mubukene batagira icepfo caruguru, abari mumabohero n’abari mubuhungiro.
* Gusengera imitwaro itandukanye ijanye naho abantu bari itashoboye gushikirizwa uburongozi.
Turabashimiye uko muzofata akanya ko kuba imbere y’Imana.
Bigiriwe I Bujumbura kuwa 30/05/2017