Kinama : Umudandaza yibwe ayarenga imiriyoni zibiri ariko arataha 

Kinama : Umudandaza yibwe ayarenga imiriyoni zibiri ariko arataha 
Amakuru ava muri zone ya Kinama, amenyesha ko abasuma bataramenyekana bategereye umugabo asanzwe akora urudandazwa igihe yariko ataha ku muhana iwe, uri muri quartier ya Carama, iri muri zone Kinama nyene.

Ayo makuru nyene avuga ko amafaranga arenga imiriyoni 2 z’amarundi ariyo abo basuma bivye, imbere y’uko batera gerenade kugira abaje gutabara basanzare gutyo babone guhunga ata nkomanzi.

Mu bajejwe umutekano muri zone ya Kinama bamenyesha ko iyo gerenade atawe yahitanye kandi ko ataco yononye.