Rumonge : Umusore yarishwe azira kuja kuramutsa umukobwa
Amakuru ava mu ntara ya Rumonge, amenyesha ko Elyse NKURUNZIZA yakubiswe igiti n’umuhungu avukana n’umukobwa yari yagiye kuramutsa inyuma y’umutaga wo kuri uno w’Imana igenekerezo rya 28 Rusama 2017.
Amakuru ava mu babanyi b’umukobwa yari yagiye kuramutswa na Elyse NKURUNZIZA, amenyesha ko uwo muhungu yamukubise kubera atashaka ko ubugenzi hagati ya Elyse na mushikiwe bubandanya bugashika kure.
Mu bajejwe umutekano bamenyesha ko umuhungu yakubise Elyse NKURUNZIZA yamaze guhagarikwa kugira bamugireko amatohoza, bamenye nicatumye akubita uwo muhungu, hanyuma ashikirizwe ubutungane.