#HumuraBurundi,IBIHANO(ISHANO) RYA PETERO NKURUNZIZA MU KANWA KU RWARUKA RWOBAYE BURUNDI BW’EJO! 30/05/2017
Abarundi barayamaze bati: »Uwanka agakura,abaga umutavu! »
Birababaje bigatera n’agahinda kubona mu Burundi hari uwuriko arazimanganya kazoza k’igihugu,abagabo barorera!
Uwo nawe ni #PETERO_NKURUNZIZA, aho yihaye uburenganzira bwo kunyaga abana ,akabakura mu minwe y’abavyeyi babo,akabajana kubigisha ingeso z’#UBUHUMBU(Ubushurashuzi),agaheba akabibatekerera mu mvyino,mu kuyaga ko bazotera inda(Imbanyi) ku mugaragaro,hakavuka #IMBONERAKURE!
Akamarampaka,uwo #NKURUNZIZA_PETERO akaba yatandukiriye kwigisha imicuko,gukurana inzigo y’akazikira,ishobora kubasuka mu kwipfuza gusesa amaraso y’uwo bigishijwe ko ari umwansi !
Nk’uko biri muri iyo reresi,abana bato cane,bumvishwa ko hari abantu bishe abandi kuva kera na rindi,kandi bakiri mu gihugu,bagabiririje gusubira kwica abandi bantu,nka kurya kw’iminyamushinya ku mugina!
Uwo mukenyuro wa PETERO NKURUNZIZA, awuzanye inyuma yo kubona ko abakuze bamuhinyuye,kuva aho yakabatereyemwo umugera w’amacakubiri ,ata n’ingemwe n’imwe iranaga,
N’iyo abarungitse ku gikorwa co gusotora bamwe n’abandi ngo haduke imishamirano,
Abo yatumye banka kumugabira kuko acicaye kuri irya ntebe,maze bakikorera ikarashishi isanzwe ,bakinonora imitsi ,bakisubirira mu mihana iwabo,
Ivyo vyose PETERO NKURUNZIZA biramurya nk’urunyo mu mutwe,kuko wewe aba yipfuje ko yobashuhura,kurya bikorwa ku mbwa,maze bamarane,
Abarundi n’amakungu bakure amaso ku kiringo ciwe ca gatatu,bayashire kuri ubwo bwicanyi bw’abasubiranyemwo,maze bazoze kwikebuka n’ikiringo kigira kane agikunkumuye,
Yamara ivyo ntibizomushobokera kuko hari abamuharurira intambwe zose atera n’iyo azitera agana!
Bavyeyi,umwana n’ink’icibare,ico umuteragiyemwo n’ico kimukuriramwo,
PETERO NKURUNZIZA ariko aratwicira ibibondo,hakubigisha imigambi izobateza imbere ejo bageze mu bigero,ariko abaha uburozi buzobahonya,mugahekurwa twari twarahetse!
Mbega niyo waba umuhari w’IMBONERAKURE ari uwo agaciro kwa NKURUNZIZA, ko atawuhaye umuhungu wiwe w’imfura ngo awurongore ko tuzi amwipfuriza ineza gusa?
Canke ko ata mwana wiwe aza nawe ngo aje mu zindi MBONERAKURE, yiyamirize hamwe n’abandi ayo makungu canke ivyegeranyo?
Bavyeyi,ukaba uzirikana neza ko hari ikibondo cawe kiriko kirigishwa ubwo buyobe na PETERO NKURUNZIZA afadikanyije n’abakinagizwa biwe,ukumva ntaco winona,
Kubitiza agatima mpembero mu myaka ihitiye,
Wibuke urwaruka rw’Uburundi rwasutswe n’ubutegetsi,barukura mu mashure,barutesha urupfasoni n’indero,
Inyankaburundi z’ico gihe,zibasuka muco bita #SANS_ECHEC,aho abana bigishwa ibikorwa vy’ubugizi bwa nabi,higanjemwo gusesa amaraso ya benewabo,
Hari abavyeyi bavyishimira,ngo ko yigishijwe n’uwo basangiye ubwoko,umwana wiwe ntaco azoba,
Ariko bibagira ko gusangira ubwoko bidasiguye gusangira igise ku mwana,
Ivyari i Magera bigeruye,abo bene kwigisha urwaruka kwigenza nk’inyamaswa,
Bahavuye babona ko ibintu nivyahinduka abo bana bagihari,bazohava bavuga ivyo babonye n’ababigishije izo ngeso n’ubwo bukoko,
Haca hafatwa ingingo y’ubutegetsi mw’ibanga ko urwaruka rwose rwabaye muri SANS-ECHEC ruhirwa buhongo,rugacishwa ku buhomba,mu ntumbero y’ukuzimanganya amatohoza,
Hari abavyeyi bari barahenzwe n’akarimi gasosa k’abanyeporitike,ngo batange abana babo,baje kwigishwa kugwanira igihugu,kuko igihugu kitazokwigera kiva mu minwe y’abari bagifise ico gihe,ngo kije mu minwe y’abo bita #ABASAYA,#ABAMENJA,
Umwana yarokotse muri abo bitwa ABASANS-ECHEC uwu musi niyaba atahunze,abayeho mu kinyegero,yicura uwomwaka ubuzima,kuko azi vyinshi,abandi nabo baraturubuye kuko bahemukiwe n’abari babijeje kubagwanagwanako!
Burya ngo amateka arisubiriza(aragaruka),
Uwu musi,hari abavyeyi batereye agati mu ryinyo ngo abana babo bari mu MBONERAKURE ,bashigikiwe n’umukuru w’igihugu eka n’abandi bategetsi,yamara bakibagira ko abo bategetsi ata bana babo barimwo,kuko bazi neza ikizokurikira n’iyo babona umwanya wo guhindura ibintu ugeze,
NINDE AZOHOMBA?
PETERO NKURUNZIZA n’abakinagizwa biwe babonye bikomeye,bazishitura,bikunkumure uwo wese yokwiyita ko bakoranye,nk’uko vyagenze no ku bambere,
IMBONERAKURE yose ifise ico izi canke yabonye,bazoyihigisha urushinge,
Bayigandagure,mu ntumbero yo kuyizivya burundu,abarokotse bazokwangazwa ,abavyeyi babo barorera ,ataco bashoboye gukiza kitetse guherekeza imivyimba y’abana babo n’amarira avanze n’agahinda!
Iyo mvugo y’abategetsi ngo :
-CARATUVUNYE,
-NTITUREKURA,
-MPAKA YESU AGARUTSE,
No ku ntwaro zihitiye bakoresha amajambo asa n’ayo,kugira baryosharyoshe abavyeyi,barekure abana babo ,baje kwigishwa ivya gisirikare ari navyo bizobahitana,canke bazozira,
N’ubu hari abavyeyi bacishwe n’agahinda,abana babo bose bagiye mazimayongo,bari bijejwe n’ababatuma ko bazobakingira,
Uwutagize Imana abe afise uwo iwabo amenyekana ngo akinge ukuboko,yaragiye ubutakigaruka!
Bavyeyi,ko muzi neza ko : »Inkoni yakubise mukeba uyirenza urugo »,
Murakenyeye PETERO NKURUNZIZA nawe aze kubahekura,yitwaje ngo kuri bamwe musangiye ubwoko,ariko mutasangiye igise ku bana banyu?
Ubwo ejo,muzokwiyuha iryosozi ngo abana banyu bagandaguwe bakiri bato,ari mwebwe mwabarekuye bakagenda mu muzimagiza mubona.