Amerika yashoboye kugerageza ubuhinga bwo gukorora ibisase bishika kure ICBM nk’uko bivugwa n’abategetsi.

Incuro ya mbere, Amerika yashoboye kugerageza ubuhinga bwo gukorora ibisase bishika kure ICBM nk’uko bivugwa n’abategetsi.Ubwo buhinga bwo mu ku butaka bwashizwe mw’ikambi imwe mu gisagara ca California bukorora igisase gishika kure nk’uko bishikirizwa n’igisata kijejwe kugenzura ibisase MDA.

Ubushikiranganji bwo kwivuna abansi buvuga ko iryo geragezwa ryari ryateguwe kuva kera , ariko ryaciye ryihutishwa mu gihe hari icuka kibi hagati ya Amerika na Korea ya ruguru.

Iryo geragezwa ryakozwe ryabaye inyuma inyuma y’aho Korea ya ruguru igeragereje igisase cayo kigira gatandatu uyu mwaka.