Col BARATUZA : Igisirikare c’Uburundi kiramaze gutakaza abasirikare bagiye kugarukana amahoro ku rwego rwa ONU 

Col BARATUZA : Igisirikare c’Uburundi kiramaze gutakaza abasirikare bagiye kugarukana amahoro ku rwego rwa ONU 
Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uno wa 31 Rusama, umwaka wa 2017,umuvugizi w’ubushikiranganji bwo kwivuna abansi no kwitaho abahoze ku rugamba yavuze ko mu gihe kw’igenekerezo rya 29 Rusama, amakungu ahimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe ingabo z’amahoro z’ishirahamwe mpuzamakungu ONU,Uburundi bufise abasirikare 850 bari mu gikorwa co kugarukana amahoro ku rwego rwa ONU mu gihugu ca Centrafrique.

Col Gaspard BARATUZA avugira igisirikare c’Uburundi avuga ko mu gikorwa co kugarukana amahoro ku rwego rw’Ishirahamwe mpuzamakungu ONU,yaba igihugu kirungitse abasirikare canke abasirikare bonyene ubwabo baharonkera akarusho.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bwo kwivuna abansi no gukurikirana abahoze ku rugamba yavuze ati :« Hariho akarusho kanini ku bihugu no ku ngabo ziba zagiye kurangura ibikorwa vyo kugarukana amahoro mu rwego rwa ONU mu kumenyera gukorera hamwe n’abandi mudasangiye imico n’imigenzo,kurangura ubumenyi bigatuma igihugu kimenyekana neza mu makungu. »

Muri iryo tangazo,umuvugizi w’ubushikiranganji bwo kwivuna abansi no gukurikirana abahoze ku rugamba amenyesha ko abasirikare 117 aribo bamaze gupfa bari mu gikorwa co kugarukana amahoro ku rwego rw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU.

Mwomenya ko umunsi mpuzamakungu wahariwe ingabo z’amahoro mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU uno mwaka icivugo ari : ‘’Ugutsimbataza amahoro kw’isi yose’’.Abasirikare bashika 3500 nibo bamaze kwitaba Imana bari mu gikorwa co kugarukana amahoro kuva mu mwaka w ‘1948,Ishirahamwe mpuzamakungu ONU rishinzwe.

Hambavu y’abasirikare 850 bari mu gihugu ca Centrafrika kugarukana amahoro mu rwego rw’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU,Uburundi bufise kandi abasirikare barenga 5000 mu gikorwa co kugarukana amahoro mu gihugu ca Somaliya,ku rwego rwa AMISOM.