Prezida wa Leta Zunze Ubumwe za Amerika Donald Trump yafashe ingingo yo kutemeza amasezerano y’ihindagurika ry’ibihe yapfunditswe mu gisagara ca Paris, niko itangazamakuru rya Amerika ryavuze.Prezida yarungitse ubwiwe ubutumwa kuri Twitter, avuga ko azogira ico abivuzeko mu minsi mike.
Kuva mu masezerano y’ihindagurika ry’ibihe ni kimwe mu bintu bikuru bikuru iyamamaza ryiwe ryari rishingiyeko, ariko mu ndwi ziheze yari yavuze ko atarabifatira ingingo.
Mu nama ya G-7 mu mpera y’indwi iheze, ukwanka kwemeza amasezerano y’ihindagurika ry’ibihe, vyatumye Bwana Trump atumvikana n’ibindi bihugu vy’ibihangange kw’isi na cane cane Ubudagi.
Amasezerano ya Paris y’ihindagurika ry’ibihe yo mu kwezi kwa cumi na kabiri 2015, afise intego yo kugabanya ivyuka vya « carbone » ngo ubushuhe bwiyongeye kw’isi bugabanuke.
Ayo masezerano yemejwe n’ibihugu hafi 200.