Ubutegetsi bwa Kenya bwuguruye inzira y’indarayi ya kijambere ihuza ikivuko ca Mombasa hamwe n’umugwa mukuru Nairobi.Uwo mugambi watwaye akayabu k’imiliyardi $3.2, ugafatwa mu mugongo n’igihugu c’Ubushinwa, n’ico gikorwa ca mbere gihambaye ku bindi bikorwa remezo kiranguwe kuva Kenya yikukira.
Cubatswe mu myaka itatu n’igice, hakoreshejwe ubuhinga bw’indarayi bwo mu gihugu c’Ubushinwa.
Uwo murongo w’inzira y’indarayi ushobora gushika mu gihugu ca Sudani y’Ubumanuko na Repubulika y’Intwaro Rusangi ya Congo, uciye mu gihugu ca Uganda.
N’iyo nzira y’indarayi iboneka yubatswe n’igihugu mu myaka irenga ijana.
Ingene umugambi w’inzira y’indarayi utunganijwe mu karere ka Afrika y’Ubuseruko
Urugendo rwahora rufata amasaha icenda kuva Nairobi uja i Mombasa (hafi 500km), ruzotwara amasaha ane n’igice muri gariyamoshi nshasha, iya kera ikaba yahagenda amasaha 12.
Igiciro c’amatike naco nyene kigiye gukoroka.
Ikibanza kizimbutse kizorihwa 900 Kshs ($9), ikizimvye 3000 Kshs ($30). Muri rusangi hakorotse 400 Kshs.
Yugurura iyo nzira nshasha y’indarayi, Prezida Uhuru Kenyatta yavuze ko hatanguye ikigabane gishasha mu mateka ya Kenya.
« Amateka yatanguye ubwa mbere mu myaka 122 iheze igihe abongereza bakoronije kino gihugu batanguje inzira y’indarayi yahavuye itazigwa « Lunatic Express ».
« Uno munsi…naho hagiye haravugwa amajambo menshi, aho kwigina « Lunatic Express », twigina Madaraka Express igiye guha amateka y’igihugu iyindi ntumbero ku myaka 100. »
Imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi yaridogeye uwo mugambi ivuga ko uzotwara amahera menshi, bacishamwo ijisho ubutegetsi bwa Prezida Kenyatta bwagiye gukopesha amahera igihugu c’Ubushinwa ngo butaharuye neza.
Leta ivuga ko bikenewe guteza imbere igisata c’ibikorwa remezo iyo ufise intego yo gukwega abanyamitahe bavuye hanze.