Amasezerano y’ibidukikije y’i Paris ntazohinduka 

Iradiyo y’abongereza BBC imenyeshako ko Eric Solheim yashikirije ko Ubushinwa ,ibihugu vya Buraya hamwe n’igihugu c’Ubuhindi vyashize mu maboko ico gikorwa bikazotuma ingingo zose zizofatwa na Donald Trump ataco zizoshikako nkuko vyari mu masezerano yi Paris yo mu mwaka wa 2015.
Abantu benshi barindiranye igishika itangazo riza gushikirizwa inyuma yaho Ubushinwa n’Uburaya bashigikiye ayo masezerano y’i Paris .

Umukuru w’igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika Donald Trump nawe akaba yashikirije ko azakugira ico ashikikirije kuri uno wa kane igenekerezo rya 1 Ruheshi 2017 kuri iyo ngingo y’igihugu c’Ubushinwa n’Uburaya.