Kirundo : Umuntu avuye mu Rwanda yafashwe ku mvo z’amatohoza 

Uwo yafashwe azwi kw’izina rya Ntunzwenimana Gilbert, akaba yafatiwe mu ntara ya Kirundo, ku rubibe rwa Gasenyi.
Uwo yafashwe avuye mu Rwanda avuka muri komine Bugabira intara ya Kirundo, akaba yari afise amafaranga agizwe n’inoti z’ijana agera ku muriyoni umwe n’ibihumbi amajana umunani, hamwe n’ayandi agera ku bihumbi amajana atanu na mirongo ine agizwe n’inoti z’ibihumbi cumi, nk’uko bimenyeshwa na Petero NKURIKIYE avugira igiporisi c’Uburundi.

Uwafatanwe ayo mafaranga yemeza ko yayavunjishije i Nyabugogo mu gihugu c’Urwanda.

Mu giporisi c’Uburundi bamenyesha ko uwo muntu yafashwe ku mvo z’amatohoza.